{photos}

IVYAVUYE MW'IKORANIRO KAMINUZA RYA MBERE RIDASANZWE RY'UMUGAMBWE SAHWANYA-FRODEBU


I. INTANGAMARARA.

1. Ku magenekerezo ya cumi n'icenda na mirongo ibiri y'ukwezi kwa Gitugutu umwaka w'ibihumbi bibiri na kabiri, ku mugwa mukuru w'Igihugu c'Uburundi i Bujumbura, mw'i Hoteli SOURCE DU NIL, harabereye Ikoraniro kaminuza ridasanzwe rya mere ry'Umugambwe w'INZIRAGUHEMUKA SAHWANYA-FRODEBU.

2. Iryo koraniro kaminuza ryatumweko hakwirikijwe amategeko n'amateka ngendegwako agenga Umugambwe w'Inziraguhemuka SAHWANYA-FRODEBU. Ryisunze kandi na cane cane ingingo zikomeye zari zafatiwe mw'Ikoraniro Kaminuza rigira gatatu ry'Umugambwe ryabereye i Bujumbura kw'igenekerezo rya mirongo itatu muri Gitugutu umwaka w'ibihumbi bibiri.

3. Muri iri Koraniro kaminuza ridasanzwe rya mbere ry'Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU havuyemwo ibi bikurikira tugire tubacire ku mayange.

II. KUVYEREKEYE ABAJE MURI IRI KORANIRO KAMINUZA RYA MBERE RIDASANZWE

4. Abajenama batumiwe bashika amajana cenda na bane (904). Baje bava mu ntara zose z'Uburundi aho Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU ufise abanywanyi. Izo nazo akaba ari izi zikwirikira :

INTARA ABAJE MW'IKORANIRO
BUBANZA 49
BUJUMBURA MAIRIE 96
BUJUMBURA RURALE 61
BURURI 81
CIBITOKE 63
CANKUZO 19
GITEGA 97
KARUZI 35
KAYANZA 64
KIRUNDO 63
MAKAMBA 56
MURAMVYA 37
MUYINGA 41
MWARO 30
NGOZI 69
RUTANA 40
RUYIGI 28
BOSE HAMWE 904

5. Abaje mw'Ikoraniro kamiza ridasanzwe rya mbere ry'Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU barashimye cane icicaro bahawe kandi barakengurutse ko bashoboye kuronka akaryo ko kubonana haheze imyaka myinshi bitewe n'ikiza twese tuzi.

6. Ivyiyumviro vyaseruwe, n'ingingo zihambaye zafashwe vyarerekanye ko iryo koraniro ryaje hageze kuko INZIRAGUHEMUKA zari zishashaye guserura akari kazibakiye k'umutima ari kuvyerekeye gutsimbataza umugambwe SAHWANYA-FRODEBU, ari ivyo mu buzima bwa minsi yose, ari kubiraba ibibazo vy'inkoramutima ku NZIRAGUHEMUKA aho iri hose, ari kuvyerekeye kazoza ka demokarasi mu Burundi n'inyifato ibereye zitegerezwa kugendera kugirango tuze dusubire gutsinda nka mbere.

III. KUVYEREKEYE ICIVUGO C'IRYO KORANIRO

7. Igihe Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU wakorana mw'Ikoraniro kamiza ryawo rigira gatatu washimikiye na cane cane kuvyerekeye gutsimbataza umugambwe wacu (Renforcement du Parti), gukomeza demokarasi, guharanira iterambere cana cane gusanasana ivyasambutse kubera ikiza, gushira mu ngiro amasezerano y'amahoro yashirizweko igikumu i Arusha. Ivyo ntivyari vyoroshe kuko amasezerano yashizweko igikumu ingwano itarahagarara.

8. Vyaragaragara ko iyo migambi iryo Koraniro Kaminuza yari yiyemeje itashobora kuyishira mu ngiro yose kubera izo ntambamyi tuvuze. Nico gituma yari yasavye ko igihe amasezerano y'i Arusha azoba yatanguye kuja mu ngiro, abari bahunze bagatabaruka, hotunganywa irindi Koraniro kaminuza ridasanzwe kugira ngo hashingwe izindi ntumbero nshasha zijanye n'ibihe tugezemwo, hongere kandi hashingwe n'inzego nshasha.

9. None imvugo yabaye ingiro, icivugo nyamukuru cashimikiye ku " GUTSIMBATAZA UMUGAMBWE SAHWANYA-FRODEBU USHINGIYE KUVIYUMVIRO VYA DEMOKARASI HAMWE NO GUSUBIZA HAMWE ABONSE RIMWE " (Renforcement du Parti autour de l'idéal démocratique et de la Réconciliation).

10. Bamaze kwihweza ico civugo, bagahanahana ivyiyumviro vyubaka kuri ico civugo, abajenama bari bahurikiye mw'Ikoraniro kamiza rya mbere ridasanzwe baragishimwe batako baracemeza. Baciye basaba ko inzego zibijejwe mu mugambwe zo bishira mu ngiro atakudidinganya.

IV. INGINGO NKURU NKURU ZAFATIWE MW'IKORANIRO KAMINUZA RYA MBERE RIDASANZWE

IV.1. KUVYEREKEYE IJAMBO NYAMUKURU RYA KIZIGENZA Y'UMUGAMBWE
Dr Honorable YOHANI MINANI.

Abaje mw'Ikoraniro kaminuza rya mbere ridasanzwe bamaze kumviriza ijambo rishikirijwe na kizigenza w'Umugambwe, Dr Yohani MINANI, bararishimye mu kumukomera amashi n'igishika cinshi.

11. Iryo jambo ryatanguye isaha zine n'inusu zo mu gitondo rirangira isaha zitanu n'iminuta mirongo ibiri. Ryari rishimikiye ku munezero wo gusubira kubonana inyuma y'ivyago vyatumenwe abarundi na cane cane Inziraguhemuka bagandara. Ryaragarutse kandi kugutsimbataza Umugambwe w'INZIRAGUHEMUKA mu gaharanira kurusha ivyiyumviro vya demokarasi mu Burundi. Muri vyose na hose dutegerezwa kuva mu vyara vy'intwaro y'agacinyizo kugirano demokarasi yiganze mu Burundi.

12. Yaravuze ariko ko kugirango ivyo vyose bishoboke, Inziraguhemuka aho ziri hose, mbere n'Umurundi wese akunda amahoro, zitegerezwa gukora zitiziganya kugirango zitorere umuti intambamyi zose (Défis) zishobora gutuma dusubira mw'ihumbi.

13. Izo ntambamyi ziboneka mu buzima bwa minsi yose bw'igihugu, ari mu vya politike, mu vy'ubutunzi n'imibano, mu vy'imigambi mishasha itegerezwa kuja mu ngiro kugirango igihugu gisubire mu minwe y'abanyagihugu bo bene co, ari mu gusanasana ivyasambutse n'ibindi.

14. Yarashimikiye kuciyumviro ko ivyo bizoshoboka ari uko Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU usubiye k'ubutegetsi. Ivyo navyo bikazotumwa n'uko abarundi benshi bahurumbiye ivyiyumviro ngenderwako vyawo. Ati mutegerzwa kuja hamwe mwese mukomeze umugambwe wanyu, ejo muze mutsinde amatonda yategekanijwe muri ya masezerano y'amahoro y'i Arusha. Aho bukera mu kwezi kwa gatanu ko mu mwaka uza, muzokwitorera abahanuzi bo ku mitumba ya Rusansuma n'abarongoye amakomine. Mu mwaka w'ibihumbi bibiri na kane muzokwitorera abashingamateka n'abakenguzamateka ari bo bazoca batora Umukuru w'igihugu.

15. Yababwiye ko atamwanya wo guta ukiriho. Ko ayo matora dutegerezwa kuyatsinda nka mbere. Ingorane ziriho kubera abansi ba demokarasi batazosiba kutuburagiza.

Dutegerezwa kumva ko atakunda bogira atari ukuyasamvya. Dutegerezwa kubarinda kuko impera n'imperuka tuzobatsinda.

16. Ikoraniro kaminuza rya mbere ridasanzwe ry'Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU ryarakengurutse ko umunyagihugu agiye gusubira kuronka ijambo, rica ryiyemeza ko rigiye gukora ritiziganya kugirango ivyo vyose bije mu ngiro. Basavye ko abarongoye Umugambwe bokora uko baashobora kugira amategeko n'aagateka kazinamuntu vy'ubahirizwe.

IV.2. KUVYEREKEYE IKIGANIRO C'INTUMBERO IBEREYE INZIRAGUHEMUKA ZOGENDERA (Déclaration Générale).

17. Abaje mw'ikoraniro kamiza rya mbere ridasanzwe barumvirije ikiganiro categuye n'Urwego nyobozi (Comité directeur national) ry'umugambwe. Ico kiganiro cagaruka hanini mw'idonido kw'ijambo ryari ryashikirijwe na Kizigenza w'Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU.

18. Inziraguhemuka zari zikoraniye ngaho zabonye akaryo ku kuganira bimwe bishemeye. Barahanahanye ivyiyumviro binyuranye kuri ico kiganiro. Baravuganye kandi ibigoye Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU bakwirikije aho babaye canke ku rwego rw'Igihugu. Baraciye hirya no hino intambamyi dutegerezwa gutorera inyishu zitomoye kugirango demokarasi yiganze mu mahoro.

19. Kubera umwanya wabaye muto, abajenama barashize ku rutonde mu nyandiko ivyo bashaka ko vyoja muri iyo ntumbero (Déclaration générale) y'Umugambwe. Baca bategeka urwego nyobozi rw'umugambwe bari bagiye gushinga ko ivyo vyose bavuze rwobitororokanya kugira ruzobishire mu ngiro muri iyi myaka ine yimirije.

20. Baraneguye bivuye inyuma abategetsi bamwe bamwe b'intumva baguma baturubika abanyagihugu bitwa ko aribo bajejwe gukingira. Bategeka ko abategetsi bakomoka kuri FRODEBU bari mu nzego z'igihugu boshira k'urutonde abatwara mu amakomine n'amazone baturubika abantu ko bobogozwa bidatevye. Abo ni nk'abategeka za Komine Rumonge, Matongo, Vyanda n'ahandi.

21. Abari muri iryo koraniro batewe agahinda n'amakenga y'uko naho amasezerano y'amahoro yashizweko igikumu, inzego nkuru nkuru rigahindurwa kugirango abarundi bose bazijemwo atawandya wangura, ivyo bintu bitarashikira inzego zo hasi aho abanyagihugu agicurwa bufuni na buhoro.

22. Baciye bategeka abajejwe intwaro ko bokwihuta gukwirikiza no gushira mu ngiro ivyanditswe mu masezerano y'i Arusha ku rwego rwa Province ari ivyerekeye intwaro, Uburezi, Ubutungane, Ubutunzi n'ibindi. Bategetse urwego nyobozi rw'umugambwe rugiye gushirwaho ko ico kibazo c'inkoramutima rwo citwararika mu kugikurikirana ku munsi ku munsi.

23. Abari mw'ikoraniro kamiza ridasanzwe barihweje ivyerekeye ubutungane cane cane ivy'abanyororo bapfungiwe ivya politike basaba ko Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU wogira uko ushoboye kugirango Leta ishire mu Ngiro ivyavuye mw'itohozwa ryagizwe n'umurwi wigenga wasavye. Abapfungiwe ubusa bose bategerezwa kurekurwa bidatevye.

24. Kuvyerekeye gutsimbataza umugambwe, abari mw'Ikoraniro barashimwe ingene wifashe neza baca basaba bashimitse ko abarongoye Umugambwe hamwe n'Inziraguhemuka zose bategerezwa kuyoboka no gushigikira bivuye inyuma Kizigenza wayo kugira ngo umurimo yashinzwe awurongore atankomanzi.

25. Barakengurutse ingene ihindurwa ry'ingingo zimwe zimwe z'amategeko ngenderwako y'Umugambwe ryagenze. Baca Barayemeza yose bivuye inyuma basaba inzego nshasha z'umugambwe ko zoyubaha mukuyakwiriza ingingo ku yindi.

26. Abari mw'ikoraniro kaminuza rya mbere ridasanzwe barashimye cane ibikorwa bishimishije vyakozwe n'urwego nyobozi rwahora rurongoye umugambwe cane cane Kizigenza warwo, Nyenicubahiro Dr Yohani MINANI. Baciye basaba yuko hoba urwaniko rwo gukengurukira iyo ntwari muguharanira demokarasi.

27. Barasavye kandi gukengurukira (Motion de remerciement) abo bose bitanze batiziganya kugira ngo demokarasi igaruke kandi yiganze mu Burundi. Abo nabo ni nka Nyakwigendera Mwalimu Julius NYERERE, Peresida Nelson MANDELA, abakuru b'ibihugu vyo muri aka karere bafashije mu biganiro vy'amahoro.

28. Barasavye ko Nyakwigendera Melekiyoro NDADAYE yoguma yibukwa nantaryo kubera uruhara ntangere yagize mugutsimbataza demokarasi mu Burundi agatako akabizira.

29. IV.3. MUVYEREKEYE ISHIRWAHO RYA KIZIGENZA W'UMUGAMBWE N'UMUNYAMABANGA MUKURU

30. Abari mw'Ikoraniro kaminuza ridasanzwa rya mbere ry'Umugambwe barumvirije integuro ihindura ingingo zimwe zimwe z'amategeko ngenderwako y'Umugambwe. Bahejeje kuyunganira mu ngingo zimwe zimwe, baciye bayemeza.

31. Ivyo vyaciye bituma ishirwaho ry'Urwego nyobozi rw'umugambwe n'itorwa rya Kizigenza w'Umugambwe n'Umunyamabanga mukuru bishoboka.

32. Abagize Urwego Nyobozi rw'Umugambwe rushasha rwatorewe mu ma Federations bamaze kwemezwa n'Ikoraniro baciye baja kw'iherera kugira rutororokanye abashaka guhiganirwa ivyo bibanza bivuzwe hakwirikijwe amategeko abiraba.

33. Ku kibanza ca Kizigenza w'Umugambwe, hahiganywe Dr Yohani MINANI na Dr Fideli HABONIMANA. Amatora aheze, hatahukanye intsinzi Dr Yohani MINANI yatowe n'ibice 92,95% vy'abari mw'ikoraniro. Dr Fideli HABONIMANA nawe yatahukanye ibice 4,64% vyabatoye. 2,33% ntaco bavuze, 0,78% vyabatoye navyo vyabaye impfagusa.

34. Abari mw'ikoraniro barakengurutse ingene iryo tora ryagenze baca basaba ko uwatsinze n'uwatsinzwe boja berekanye ko muri demokarasi hahganwa benshi hagatsinda umwe. Ariko ko bose bategerezwa gusenyera ku mugozi umwe.

35. Munyuma Urwego Nyobozi rushasha rw'Umugambwe rwaciye ruja muja mu mwiherero kugirango hatorwe abashingantahe n'abapfasoni cumi na bane nkuko amategeko ngenderwako y'Umugambwe abitegekanya. Basabako amazina yabo yoshikirizwa Ikoraniro Kaminuza rya mbere ridasanzwe ry'Umugambwe ngo ribemeze nkuko amategeko Ngenderwao y'Umugambwe abitegekanya.

36. Baciye barabiraho n'ingene Umunyamabanga mukuru w'umugambwe mushasha yotorwa. Bamaze kubaza ko atabashaka guhiganirwa ico kibanza. Abashingantahe Honorable Lehonsiyo NGENDAKUMANA na Petero BARUSASIYEKO barahiganiwe ico kibanza.

37. Urwego Nyobozi ry'Umugambwe rwaraciye ico kibazo hirya no hino, hanyuma rumaze kubaza ingingo ya 65 y'amategeko ngenderwako y'Umugambwe iryo Koraniro ryari rihejeje gutora, rusanga birakwiye ko rwosaba Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe rya mbere ry'Umugambwe rikemeza Lehonsiyo NGENDAKUMANA mu kibanza c'Umunyamabanga mukuru w'Umugambwe mu kumukomera amashi.

38. Urweko Nyobozi kandi rwarashikirijwe n'Umukuru w'Umugambwe yatowe Umunyamabanga Nshingwabikorwa Ntayegayezwa w'Umugambwa, Umushingantahe Yohani wa Mungu MUTABAZI. Rumaze kwiheza ico kibazo, rwaramwemeje. Ruca rusaba ko vyomenyeshwa Ikoraniro Kaminuza.

39. Umukuru w'umygambwe yatowe yarabishikirije Ikoraniro, rica riremeza ingingo zari zihejeje gufatwa n'Urwego Nyobozi rw'Umugambwe mu vyerekeye abashingantahe n'abapfasoni cumi na bane, Umunyamabanga mukuru hamwe n'Umunyamabanga Nshingwabikorwa Ntayegayezwa b'Umugambwe.

40. Inama yarangiye kw'isaha cumi na zibiri n'iminuta mirongo ibiri n'itanu mu kanyamuneza ntangere.

Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 20 gitugutu 2002.


Uwatororokanije iki Cegeranyo


Charles KARIKURUBU (Rapporteur Général)